Tanzania: Perezida Nkurunziza m’urugendo rwagizwe ibanga kugera ku munota wa nyuma

  • admin
  • 20/07/2017
  • Hashize 7 years

Umukuru w’igihugu cy’Uburundi, Pierre Nkurunziza kur’uyu wa kane yagize urugendo muri Tanzaniya, aho yagiye kubonana na mugenzi John Magufuli. Amakuru yizewe aravuga ko uyo mubonano urebana no kwongera kubyutsa ibiganiro bihuza Abarundi.

Urwo rugendo rwagizwe ibanga kugera ku munota wa nyuma, rufite intumbero yo kuganira k’umugambi w’amahoro, nkuko byatangajwe na Macocha Tembele, umunyamabanga adasanzwe w’umuhuza mu ku bibazo by’Abarundi, Benjamin Mkapa.

Amakuru yatanzwe n’umudiplomate atashatse ko izina ryiwe ritangazwa , avuga ko uwo mubonano wabaye k’ubutumire bwa Perezida Magufuli, yatumwe n’abakuru b’igihugu byo mu karere ka Afrika y’uburasirazuba kwumvisha Nkurunziza ko akwiye kwemera kwitaba ibiganiro bihuza Abarundi .

Perezida Nkurunziza ntiyari bwakongere gusohoka Uburundi kuva m’ukwezi kwa gatanu, 2015. ubwo Yari I Dar es Salaam muri Tanzaniya mu nama ya EAC, asubira inyuma yumvise ko har’umugambi wo kumukura k’ubutegetsi.

Yanditswe na Niyomugabo Albert /Muhabura.rw

  • admin
  • 20/07/2017
  • Hashize 7 years