Yashyizweho kuri20 May, 2017 | 18:22

Urugendo rwa Prezida Macron muri Mali

Prezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa yakoze urugendo rwe rwa mbere mu mahanga, kuri uyu wa gatanu tariki 19 Gicurasi 2017, aho yagendereye inteko z’Ubufaransa zisanzwe ziri mu gikorwa co kurwanya iterabwoba mu gihugu cya Mali.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru, ari kumwe na mugenzi we wa Mali, Prezida Ibrahim Boubacar Keita, Prezida Macron yavuze ko abiyahuzi bakorera mu karere ka Afrika y’Uburengerazuba ar’intambamyi k’umugabane w’Uburayi. Yasezeranye ko Abasirikare b’Ubufaransa bazoguma muri Mali gushika imigwi y’abiyahuzi itujijwe burundu.

Prezida Macron yavuze ko Ubudagi bufasha cane m’urwo rugamba. Yamara yabusavye kwongerereza inguvu m’ugukingira Uburayi, biciye m’ukugwanya itebwoba.

Prezida Boubacar Keita wa Mali yashimye imfashanyo y’igisirikare bahabwa n’Ubufaransa kuva mu bihumbi bibiri na cumi na gatatu, aho umuhari al-Qaida wigaruriye akarere k’uburaruko bwa Mali. Prezida Keita yavuze ko urugendo ari rurerure, ariko ko ata nkeka bazotsinda urwo rugamba.

Yanditswe na Chief Editor/MUHABURA.rw


Tanga igitecyerezo

Amazina
Ubutumwa

Izindi nkuru